Uko wahagera

Abasirikare Ba AMISOM, Baragirizwa Ivyaha vyo Gufata ku Nguvu


Umupfasoni w'umunyaSomalia ariko arajabuka ibarabra, mu gihe abasirikare bari mu nteko z'ishirahamwe rya Afrika, bari bacunze umutekano m u gisagara kiri ku birometero 300 vy'umurwa mukuru Moagadisho
Umupfasoni w'umunyaSomalia ariko arajabuka ibarabra, mu gihe abasirikare bari mu nteko z'ishirahamwe rya Afrika, bari bacunze umutekano m u gisagara kiri ku birometero 300 vy'umurwa mukuru Moagadisho

Abasirikare b’ishirahamwe rya Afrika bacungera umutekano mu gihugu ca Somalia, batangaje ko biteguriye gufata ibisagara bitatu bikomeye vyahora mu minwe y’umurwi w’intagondwa Al-Shabab.

Iyo nkuru itangajwe mu gihe izo nteko z’ishirahamwe rya Afrika zicungera umutekano, ziriko ziragirizwa ivyaha bikomeye vyo gufata abapfasoni hamwe n’abigeme ku nguvu.

Raport yasohowe n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe kwitaho agateka ka zina muntu, ivuga kw’abo basirikare bafata ku nguvu abapfasoni hamwe n’abigeme, kandi banabahendereza imfashanyo z’ibifungurwa kugira ngo babashurashuze.

Abategetsi ba Amisom barahakana ivyo birego, baka bavuga kw’ishirahamwe Human Rights Watch, rytangaje iyo nkuru ritarayitohoza neza.

Bavuga kandi kw’abasirikare bose bahawe amategeko y’ukuntu bategerezwa kwubahiriza imico y’abanyaSomalia.

Twaravuganye n’umukuru w’izo nteko, Lieutenant general Silas Ntigurirwa:

Aratangura avuga ivyerekeye umugambi wo kwigarurira ibisagara bitatu biri mu minwe y’umurwi, Al-Shabab.

please wait

No media source currently available

0:00 0:06:42 0:00
Ibishamikiyeho

XS
SM
MD
LG