Uko wahagera

Amerika Igiye Gutanguza Umugambi w'Ugufasha Nigeria, n'Ibihugu Bihana Imbibe, Kurwanya Umurwi Boko Haram

  • VOA Africa

Umuyobozi mukuru w'umurwi Boko Haram, Abubakar Shekau

Umuyobozi mukuru w'umurwi Boko Haram, Abubakar Shekau

Icegera c'umushikiranganji w'imigenderanire wa Amerika, ajejwe ibibazo vyerekeye akarere ka Afrika, Linda Thomas-Greenfield, yatangaje ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zizotanguza vuba umugambi ukomeye w'gufasha igihugu ca Nigeria, n'ibihugu bihana urubibe na Nigeria, kurwanya abarwanyi b'umurwi Boko Haram.

Linda Thomas-Greenfield, yaravuganye n'abategetsi b'igihugu ca Nigeria, ku musi wa kane, ku murwa mukuru Abuja, mu gihe ibinyamakuru vy'igihugu ca Nigeria, vyatangaje kw'abarwanyi b'umurwi Boko Haram, bafashe igisagara ca Bama, n'ibindi bice, mu ntara ya Borno, iri mu buraruko bushira ubuseruko bw'igihugu.


Thomas-Greefield yatangaje ko Amerika itewe impungene bikomeye n'ifatwa ry'igisagara ca Bama, n'uko umurwi Boko Haram ushobora gutera umurwa mukuru w'intara ya Borno, Maiduguri.


Icegera c'umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika ajejwe ibibazo vyerekeye akarere ka Afrika, Linda Thomas-Greenfield, yatangaje kw'ibitero vy'umurwi Boko Haram, bitera bikomera, kandi biba kenshi kurushiriza, bigeramiye bikomeye umutekano, muri rusangi, w'igihugu ca Nigeria.


Umurwi Boko Haram, warafashe ibisagara bitari bike, mu ntara ya Borno, kuva umutegetsi mukuru w'uwo murwi, Abubakar Shekau, atangaje kw'umurwi Boko Haram, uriko ushiraho Reta igendera ku mategeko ya ki Islamu.

XS
SM
MD
LG