Uko wahagera

O-M-S, Yasavye Amakungu Kwishura, Ari Hamwe, Mu Rugamba rw'Ukurwanya Ebola


Umuyobozi mukuru w'ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi, O-M-S, Margaret Chan
Umuyobozi mukuru w'ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi, O-M-S, Margaret Chan

Ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi, O-M-S, ryasavye inyishu y'amakungu, ku vyerekeye kurwanya ikiza ca Ebola, gitera ciyongera, kigeramiye ibice vyo mu karere ko muri Afrika yo mu burengero.


Margaret Chan, umuyobozi mukuru w'ishirahamwe O-M-S, yatangaje, ku musi wa gatatu kw'ikiza ca Ebola kimaze guhitana abantu barenga igihumbi n'amajena icenda muri iki gihe, abandi ibibumbi bitatu n'amajana atanu bakaba bamaze kwandura iyo ndwara, mu karere ko muri Afrika yo mu burengero.


Ishirahamwe O-M-S, rivuga ko bizotwara imiliyoni amajana atandatu y'amadolari, mu rugamba rw'ukurwanya ikiza ca Ebola.


Abahinga baragabishije kw'ikiza ca Ebola gishobora gukwiragira mu bindi bihugu, uretse ibimaze kugeramirwa n'ico kiza vya Guinee, Liberia, Nigeria, Senegal na Sierra Leone.

XS
SM
MD
LG