Uko wahagera

Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin, Yarashikirije Umugambi w'Uguhagarika Ingwano

  • VOA Africa

Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin

Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin

Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin, yarashikirije intambwe, avuga ko zikenewe ku vyerekeye guhagarika ingwano, mu buseruko bw'igihugu ca Ukraine.


Prezida Putin, yatangaje, ku musi wa gatatu, ko bumvikana muri rusangi na prezida w'igihugu ca Ukraine, Petro Poroshenko, ku mugambi ugizwe n'ingingo indwi, ugenewe guhagarika umugumuko w'abashaka kwiyonkora, ku gihugu ca Ukraine.


Umugambi w'igihugu c'Uburusiya, usaba ikurwa ry'inteko z'igihugu ca Ukraine, mu gice co mu buseruko bw'igihugu, kivuga ururimi rw'ikirusiya, n'irungikwa ry'abanyamahanga bajejwe gukwirikirana ibibera mu buseruko bwa Ukraine.


Amasaha y'inyuma yaho, prezida wa Ukraine, Petro Poroshenko, yarasohoye itangazo ritashatse kuvuga, ku buryo butomoye, ku vyatangajwe na prezida Putin. Yamara yaremeye ibiganiro na prezida w'Uburusiya, ku vyerekeye guhagarika ubwicanyi, mu buseruko bw'igihugu.


Abo bategetsi babiri baravuganye kw'itelefone. Batangaje ko bizeye kw'ibiganiro vyerekeye agahengwe bizogira intambwe, ku musi wa gatanu, intumwa ziserukira Uburusiya, Ukraine n'abashaka kwiyonkora kuri Ukraine, hamwe n'abaserukira ishirahamwe rijejwe umutekano n'ugufashanya, mu karere k'i Bulaya, bizobandanya mu gihugu ca Bielorussie

XS
SM
MD
LG