Uko wahagera

Prezida Obama Arahumuriza Ibihugu Bicudiste vya OTAN, kuri Ukraine

  • VOA Africa

Prezida Obama Afashe indege imujana mu gihugu ca Estonia, mu nama n'abategetsi b'ishirahamwe O-T-A-N.

Prezida Obama Afashe indege imujana mu gihugu ca Estonia, mu nama n'abategetsi b'ishirahamwe O-T-A-N.

Prezida wa Amerika, Barack Obama, yaravuye i Washington, mu rugendo rwiwe rw'imisi ine, mu karere k'i Bulaya rugenewe guhumuriza abategetsi b'ibihugu bicuditse, vyo mw'ishirahamwe ry'ukwivuna abansi ry'ibihugu vyo mu buraruko bw'ibahari Atlantike, O-T-A-N ko Amerika ibashigikiye bikomeye, mu gihe hari umwuka mubi, mu karere bivuye ku ruhara rw'igihugu c'Uburusiya, mu gihugu ca Ukraine ,ubandanya kwiyongera.


Prezida Obama, aza kugirisha umusi wose w'ibiganiro, uno musi ku wa gatatu, ku murwa mukuru w'igihugu ca Estonia, n'abaprezida b'ibihugu vya Estonia, Lettonia na Lithuania. Ibiganiro biza kubera ku murwa mukuru wa Estonia, Tallinn, ku bilometero amajana abiri, umuntu avuye ku rubibe rw'igihugu c'Uburusiya, bije mu gihe impungenge zitera ziyongera, ku ruhara rw'Uburusiya mu gihugu ca Ukraine, n'uko Uburusiya bushobora kugeramira ibihugu vyo mu karere ka Baltique.


Prezida Obama, yatangaje kw'ibiganiro n'abakuru b'ibihugu vyo mu karere ka Baltique, ari uburyo bw'ukwereka ivyo bihugu, vyahoze mu bumwe bw'aba Soviet, ko Amerika ishira mu ngiro ivyo ivuga, ku bijanye n'amasezerano yiyemeje kwubahiriza.


Ku musi wa kane, Prezida Obama, azokwifatanya n'abategetsi b'ibindi bihugu mirongo ibiri n'indwi bigize ishirahamwe O-T-A-N, mu nama ikomeye igenewe gushigikira bikomeye igihugu ca Ukraine, mu gihe ico gihugu kimaze amezi atari make, kirwanya umugumuko w'abashaka kuciyonkorako, bashigikiye Uburusiya, hafi y'urubibe n'igihugu c'Uburusiya.

XS
SM
MD
LG