Uko wahagera

Amerika Yaragize Igitero c'Indege Itagira Umudereva, ku Murwi al-Shabab


ikarata ya Somalia
ikarata ya Somalia

Abategetsi bo mu bushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwa Amerika, bariko bagerageza kumenya nimba igitero c'indege itagira umudereva ya Amerika, muri Somalia, carishe Ahmed Abdi Godane, ayoboye umurwi al-Shabab.

Abategetsic b'ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwa Amerika, batangaje kw'ico gitero cabaye, ku musi wa mbere, carondera abategetsi b'umurwi al-Shabab, cane cane umuyobozi mukuru w'uwo murwi, Ahmad abdi Aw Muhammad, azwi kandi kw'izina rya Ahmed Godane, bariko babonanira mu ntara ya Lower Shabelle.


Abategetsi b'ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwa Amerika, bavuga ko hakiri kare kugira bavuge ku vyavuy,e mu gitero co ku musi wa mbere.


Yamara bamenyesheje ko nimba Godale yarishwe muri ico gitero, ngo vyoca inkokora bikomeye, umurwi al-Shabab, n'ubushobozi b'abarwanyi b'uwo murwi, bw'ukubandanya kugira ibitero vy'iterabwoba.


Ivyabona bavuga kw'indege itagira umudereva yarashe missile, ku modoka zitatu zariko, zibiri murizo zikaba zarashwe ko ama missile atari make, mu gihe imodoka igira gatatu ishobora kuba yarashoboye kurusimba.


Bilamatari w'intara ya Lower Shabelle, Abdulkadir Mohamed Nur, yabwiye Ijwi rya Amerika, Service y'Igisomali, kw'ico gitero c'indege itagira umudereva ya Amerika, cabereye hagati y'igisagara ca Haaawaay, na Sabale, hafi y'ibilometero mirongo irindwi, mu buraruko bw'igisagara ca Barawe, ciziziwe n'abarwanyi b'umurwi al-Shabab.


Indege zitagira abadereva za Amerika, zarahize abategetsi b'umurwi al-Shabab, muri kahise, harimwo igitero cabaye, mu kwezi kwa mbere, kw'uwu mwaka, cahatswe kwica Godane.

XS
SM
MD
LG