Uko wahagera

Abashaka Kwiyonkora Kuri Ukraine, Bashaka Kuganira, Ivyerekeye Guhagarika Ingwano

  • VOA Africa

Indege ya kajugujugu y'igihugu ca Ukraine iriko iraguruka hejuru y'ikibanza ca gisirikare mu gisagara ca Kramatorsk, mu buseruko bwa Ukraine

Indege ya kajugujugu y'igihugu ca Ukraine iriko iraguruka hejuru y'ikibanza ca gisirikare mu gisagara ca Kramatorsk, mu buseruko bwa Ukraine

Umuyobozi mukuru w'abashaka kwiyonkora ku gihugu ca Ukraine, Andrei Purgin, yatangaje ko yiteguriye kuganira ivyerekeye guhagarika ingwano, n'ugukaba abanyororo, mu biganiro vy'amahoro, mu gisagara ca Minsk.
Incuro ya mbere y'ibiganiro yarangiye, ku musi wa mbere ata ntambwe ziboneka zishitsweko.


Yamara Purgin, ayoboye Republika yiyitiriye intara ya Donetsk, n'abashaka kwiyonkora ku gihugu ca Ukraine, bashigikiye Uburusiya, bashaka kuguma ari igice c'igihugu ca Ukraine, hamwe bohabwa ubundi bwigenge kurushiriza.


Abategetsi b'igihugu ca Ukraine ntibarishura icese, ku vyatangajwe na Purgin.
Mu gitondo co ku musi wa mbere, prezida w'igihugu ca Ukraine, Petro Poroshenko, yagirije Uburusiya ko bwasomborokeje icese igihugu ciwe.


Ishirahamwe ry'ukwivuna abansi ry'ibihugu vyo mu buraruko bw'ibahari Atlantike, O-T-A-N, rimenyesha kw'inteko z'Uburusiya igihumbi, ziri mu gihugu ca Ukraine. Uburusiya bubandanya guhakana kw'ata nteko na zimwe bufise muri Ukraine.


Umuvugizi w'igisirikare ca Ukraine yatangaje kw'igisirikare categetse inteko z'igihugu ca Ukraine kuva, ku kibuga c'indege, kiri hafi y'igisagara kiri mu minwe y'abarwanya ubutegetsi, ca Luhansk, inyuma yuko zidashoboye gutsinda inteko zikoresha ibimodoka vya blinde z'Ubururusiya.


Avuga kw'abasirikare indwi b'igihugu ca Ukraine bishwe, abandi mirongo ibiri na batanu barakomereka kuva ku musi w'Imana.

XS
SM
MD
LG