Uko wahagera

Israel Yarihereje Ubundi Butaka, mu Ntara ya Cisjordaniya

  • VOA Africa

Intara ya Cisjordaniya

Intara ya Cisjordaniya

Igihugu ca Israel catangaje ko cihereje ama hectare amajana ane, y’ubutaka bw’abanya Palestina, mu ntara ya Cisjordaniya.

Ubwo butaka muri mu gice ca Etzion, hafi y’igisagara ca Bethlehem. Ubwo butaka bushobora gukoreshwa, mu mugambi w’ukugererwamwo n’Abayahudi, n’igisagara gishasha c’igihugu ca Israel, kizokwitwa Gevaot.

Igisirikare c’igihugu ca Israel, catangaje kw’ubwo butaka ari ubwa Reta, bifatiye ku matageko y’abategetsi b’abanyepolitike. N’inyishu kw’inyuruzwa, n’igandagurwa ry’imikangara itatu y’abanya Israel, mu kwezi kwa gatandatu, hafi y’igisagara ca Bethlehem.

Igihugu ca Israel cadomye urutoke ku Banyapalestina batatu, kw’aribo bikekwa inyuruzwa n’igandagurwa ry’iyo mikangara. Iyicwa ry’iyo igangara, n’iyicwa mu kwihora ry’umukangara w’umunya Palestina, nivyo vyatumye ingwao iherutse kuba hagati ya Israel, n’umurwi Hamas, mu ntara ya Gaza.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika bwatangaje, kw’ingingo y’igihugu ca Israel, y’ugufata ubutaka bw’abanya Palestina, mu ntara ya Cisjordaniya, bitazofasha mu twigoro tw’amahoro, ubwo bushikiranganji bukaba bwasavye Israel gusubira ku ngingo yafashe.

Umutegetsi mukuru ajejwe ibiganiro w’abanya Palestina, Saeb Erekat, yariyamirije iyo ngingo y’igihugu ca Israel, mu,vyo yise ivyaha vy’igihugu ca Israel, ku banya Palestina, n’ubutaka bwabo, bwigaruriwe na Israel.

XS
SM
MD
LG