Uko wahagera

Bulamatari w'Intara ya Missouri, Yategetse Ikurwa ry'Inteko, mu Gisagara ca Ferguson

  • VOA Africa

Bulamatari w'intara ya Missouri,Jay Nixon

Bulamatari w'intara ya Missouri,Jay Nixon

Bulamatari w’wintara ya Missouri, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, yategetse, ku musi wa kane, ikurwa ry’inteko muri gisagara ca Ferguson, caranzwe n’imyiyerekano, mu kiringo kigera ku ndwi zibiri, inyuma y’iyicwa kw’italiki icenda z’uku kwezi kw’umunani, ry’umukangara w’umwirabure, ata kirwanisho yari afise, Michael Brown, ryagizwe n’umupolisi w’umuzungu.

Abasirikare b’igihugu, bari bashitse mu gisagara ca Ferguson ,ku musi wa mbere, kugira bafashe abapolisi, inyuma y’uguhangana gukomeye n’abari mu myiyerekano.

Bulamatari w’intara ya Missouri, Jay Nixon, yatangaje kw’akuye inteko mu gisagara ca Ferguson, kubera umutekano usa n’uwagarutse, muri ico gisagara.

Abantu barenga ijana na mirongo itanu barahagaritswe, mu gisagara ca Ferguson, kuva imyiyerekano itanguye, bivuye kenshi ku kutubahiriza amategeko y’igipolisi.

Ku musi wa kane, i Washington, umushikiranganji ajejwe ubutungane, Eric Holder, yatangaje kw’ubushikiranganji bwiwe, buri kumwe n’abanyagihugu, bo mu gisagara ca Ferguson.

XS
SM
MD
LG