Uko wahagera

Umurwi Islamic State Ugeramiye Umutekano kw'Isi mu Birengeye Iyindi Mirwi y'Abarwanyi Yari Imaze Kumenyekana

  • VOA Africa

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Amerika, Chuck Hagel

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Amerika, Chuck Hagel

Umushikiranganji ajejwe kwuvuna abansi wa Amerika, Chuck Hagel, yatangaje kw’integondwa z’umurwi Islamic State zigeramiye umutekano, mu makungu, mu birengeye ibintu abantu bari bamaze kubona imbere yaho.

Chuck Hagel, avugira i Washington DC, ku musi wa kane, yavuze kw’’umurwi Islamic State, ar'umurwi w’iterabwoba udasanzwe. Yavuze kw’uwo murwi ufise ibirwanisho bikomeye, abarwanyi bawo bamenyerejwe neza kurushiriza, kandi bafise amafranga menshi, kurusha imirwi y’abarwanyi y’imbere yaho.

Hagel avuga kw’umurwi Islamic State, ugeramiye inyingu zose za Amerika, haba mu gihugu ca Iraki, canke ahandi ahariho hose. Ivyo Hagel, yabitangaje ari kumwe n’umutegetsi mukuru w’igisirikare ca Amerika, General Martin Dempsy, yavuze kw’umurwi Islamic State, ushobora gutsindwa, yamara mu gihe urwanijwe mu gihugu ca Syria, no mu gihugu ca Iraki.

Avuga kw’uwo murwi uzozimangana, niyo wiyamirizwa n’abantu imiliyoni mirongo ibiri baba, mu ntara ziri hagati y’umurwa mukuru w’igihugu ca Syria, Damas, n’umurwa mukuru w’igihugu ca Iraki, Bagdad.

XS
SM
MD
LG