Uko wahagera

Amerika Yaragerageje, Yamara Iraranirwa Kubuhoza Abanyamerika, Bari Bagizwe Imbohe, Muri Syria


Isanamu ya James Foley, imbere yuko yicwa aciwe umutwe
Isanamu ya James Foley, imbere yuko yicwa aciwe umutwe

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwa Amerika bwatangaje ko bwagerageje, yamara butashoboye kubohoza Abanyameika, bari bagizwe imbohe, n’umurwi ISIS, mu gihugu ca Syria, harimwo umumenyeshamakuru, James Foley.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwa Amerika, John Kirby, avuga kw’ico gikorwa cananiwe, kubera abari bagizwe imbohe batari mu kibanza aho bibazwako bari bafpungiwemwo.

Nta birenga aho Kirby, yamenyesheje, harimwo igihe, n’aho akigoro k’ukubohoza abo Banyamerika bari banyurujwe, kagiriwe.

Yamara umutegetsi akomeye, wo mu bushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwa Amerika, yatangaje ko prezida Obam,a yatanze uruhusha kur'ico gikorwa, mu ntango z’iki gihe c’ici.

Uwo mutegets,i wo mu bushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwa Amerika, yatangaje kw’ico gikorwa ca gisirikare kitari coroshe, kw’inteko za Amerika zarasanye n’abarwanyi b’umurwi Islamic State. Umunyamerika umwe yarakomeretse, muri ico gikorwa.

Prezida Obama, yatangaje, ku musi wa gatatu kw'amasanamu ya video, yerekeye Umunyamerika, James Foley, umurwanyi w’umurwi Islamic State ariko amuca umutwe, vyatumye amakungu arwa mu gahundwe.

Yavuze ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zizobandanya gukora ivyo zitegerezwa gukora, kugira zikingire Abanyamerika.

Umurwi Islamic State, utangaza ko ugifise uwundi mumenyeshamakuru w’Umunyamerika, Steven Sotloff. Uwo murwi uvuga kw'ubuzuma bwiwe buzofatira ku kugene Obama azokwishura, kw’iyicwa rya James Foley.

XS
SM
MD
LG