Uko wahagera

Umutegetsi Ukurikirana Ebola muri O-N-U, Azogenderera Afrika


Docteur David Nabarro
Docteur David Nabarro

Umutegetsi mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu, O-N-U, akwirikirana ikiza ca Ebola, yatangaje ko azoja mu karere ka Afrika, mu mpera z’iyi ndwi.

Docteur, David Nabarro, yatangaje, ku musi wa kabiri, ari i New York, ko yabonanye n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe O-N-U, Ban Ki-moon, akaba yagiye i Washington, mu nama, uno musi ku wa gatatu, n’abategetsi bo mu biro bijejwe kurwanya indwara, hamwe n’abategetsi b’ibanki y’isi yose.

Docteur Nabarro, yatangaje kw’azogirisha inama i Dakar, ku musi wa kane, mu nyuma yaho aje mu bihugu vya Liberia, Sierra Leone na Guinee. Amenyesha kw’ashobora kuja, mu gihugu ca Nigeria.

Docteur Nabarro, yatangaje kw’igikorwa nyamukuru c’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, ari uguhagarika ikwiragira ry’umugera wa Ebola.

XS
SM
MD
LG