Uko wahagera

Israel n'Abanya Palestina, Barongereje Ikiringo c'Agahengwe


Inyubakwa yasambuwe n'ibitero vy'indege za gisirikare za Israel muri Gaza
Inyubakwa yasambuwe n'ibitero vy'indege za gisirikare za Israel muri Gaza

Abategetsi b’igihugu ca sraeln n’abanya Palestina barumvikanye, ku vyerekeye kwongerza ikiringo c’uguhagarika ingwano, mu ntara ya Gaza, ayandi masaha mirongo ibiri n’ane, mu gihe bariko babonanira i Cairo, kugira bageregeze kwumvikana, ku gahengwe kazorama.

Ivyerekeye iyongerezwa ry’agahengwe, vyatangajwe ku musi wa mbere, vyaje gatoyi imbere yuko agahengwe kahari, muri iki gihe, vyari bitegekanijwe ko karangira igihe c’isaha zitandatu, zo mw’ijoro, mu masaha yo mu karere. Nta bimenyetso vyerekana kw’ibiganiro biri hafi y’ugushika, ku masezerano y’uguhagarika ikiringo kirenga ukwezi, c’ugutana mu mitwe, hagati y’igihugu ca Israel, n’umurwi Hamas.

Umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamni Netanyahu, yaragabishije kw’igisirikare ca Israel citeguriye kwishura n’inguvu, hamwe umurwi Hamas wosubira kurasa ama roquette, kuri Israel, nkuko wabigize, igihe agahengwe ka mbere, kari kegereje kurangira, haraheze ikiringo kirenga ukwezi.

Ukutumvikana, hagati ya Israel n’abanya Palestina, kuracakomeye cane, mu gihe Israel isaba kwaka ibirwanisho umurwi Hamas, n’uguhagarika ibitero vy’ama roquette, ku butaka bwa Israel.

Abanya Palestina basaba irangira, ry’ikiringo c’imyaka umunani, intara ya Gaza izibiwe n’igihugu ca Israel.

Indwi zitanu z’ingwano hagati ya Israel, n’abanya Palestina, yahitanye abantu barenga ibihumbi bibiri, benshi muribo abasivile, bo mu ntara ya Gaza

XS
SM
MD
LG