Uko wahagera

USA: Umushikiranganji Eric Holder, Azoja, mu Gisagara ca Ferguson.


Umushikiranganji ajejwe ubutungane muri Amerika, Eric Holder
Umushikiranganji ajejwe ubutungane muri Amerika, Eric Holder

Prezida wa Amerika, Barack Obama, yatangaje kw’umushikiranganji ajejwe ubutungane wa Amerika, Eric Holder, azoja mu gisagara ca Ferguson, mu ntara ya Misouri, ku musi wa gatatu, kugira aronke amakuru mashasha, kw’itohoza rya Reta ya Amerika kw’iraswa rya, Michael Brown, umukangara w’umwirabure, ata kirwanisho yari afise, ryagizwe n’umupolisi w’umuzungu, mu vyatumye haba imisi itari mike y’imyiyerekano ikomeye.

Prezida Obama, yabwiye abamenyeshamakuru, mu biro vyiwe, Maison Blanche, ku musi wa mbere, ko Eric Holder, azobonana n’abategetsi b’ubushikiranganji bujejwe ubutungane, hamwe n’abategetsi b’ibiro bijejwe gukwirikirana inkozi z’ikibi, FBI, kw’itohozwa rya Reta n’itohozwa ryigenga kw’iyicwa rya, Michael Brown, kw’italiki icenda z’ukwezi kw’umunani.

Umushikiranganji ajejwe ubutungane, Eric Holder, azobonana kandi n’abayoboye abanyagihugu, bo mu gisagara ca Ferguson, ku twigoro twabo tw’ukugarukana amahoro, n’umutekano muri ico gisagara.

Prezida wa Amerika, Barack Obama, yatangaje ko mu gihe igitigiri kinini c’abantu bariko bagira imyiyerekano mu mahoro, yasavye umurwi mutoyi w’abari mu myiyerekano, kudakoresha ishavu mu gusahura, kwitwaza inkoho, canke gutera abapolisi.

Prezida Obama, yatangaje kw’ingingo nkizo ata kindi zikora atari kwongereza umwuka mubi, akajagari n’ukugeramira ubutungane.

Yongeye kandi avuga kw’ata nsiguro kw’ikoreshwa ry’inguvu z’’umurengera, bigirwa n’igipolisi, canke ingingo iyariyo yose ibuza uburenganzira bw’abagira imyiyerekano, mu mahoro.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, Ban Ki-moon, ku musi wa mbere, yasavye abantegetsi, mu gisagara ca Ferguson, kudakoresha inguvu z’umurengera, n’ukwubahiriza uburenganzira bw’abashaka kugira imyiyerekano mu mahoro, hamwe n’uburenganzira bw’ugushikiriza ivyiyumviro.

Ako kamo gasaba umutekano kaje, mu gihe isuzumwa ryigenga ry’ikiziga ca Michael Brown, ryerekanye ko yarashwe incuro zitandatu, canke zirenga.

XS
SM
MD
LG