Uko wahagera

Sentare ya Uganda, Yariyamirije Itegeko Rigwanya Abagira Imibonano, n'abo Basangiye Igitsina.


Prezida wa Uganda, Yoweri Museveni ariko atega igikumu kw'itegeko rigwanya abagira imibonano mpuzabitsina n'abo basangiye igitsina, mu kwezi kwa kabiri.
Prezida wa Uganda, Yoweri Museveni ariko atega igikumu kw'itegeko rigwanya abagira imibonano mpuzabitsina n'abo basangiye igitsina, mu kwezi kwa kabiri.

Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro u gihugu ca Uganda, yarafashe ingingo y’ukwiyamiriza itegeko rikomeye rigeramira bikomeye abagira imibonano n'abo basangiye igitsina, rirekurira ibihano vy’ugupfungwa ubuzima bwose, ku bagiwe n’ivyaha vyuko bagize imibonano n'abo basangiye igitsina.

Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro yatangaje, ku musi wa gatanu, ko yiyamirije iryo tegeko kubera integuro yaryo yari iciye kubiri n’ibwirizwa shingiro, kubera yatowe mu nama nshingamateka, igitigiri c’abagize inama nshingamateka kidakwiye.

Abashigikiye itegeko rihana abagira imibonano n'abo basangiye igitsina, barozonka akaryo kw’ukuwnguruza.

Prezida w’igihugu ca Uganda, Yoweri Museveni, yaeaye igikumu kur’iryo tegeko, mu kwezi kwa kabiri.

Iryo tegeko ryariyairijwe bikomye, n’ibihugu vy’I Bulaya, na Amerika, hamwe n’amashirahamwe aharanira agateka ka muntu.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zarafashe ingingo zihana igihugu ca Uganda, mu kwishura kuri iryo tegeko.

XS
SM
MD
LG