Uko wahagera

Indege Zibiri z'Ingwano z'Igihugu ca Ukraine Zarakorowe


Ikarata y'igihugu ca Ukraine
Ikarata y'igihugu ca Ukraine

Indege z’ingwano zibiri z’igihugu ca Ukraine zarakorowe, mu buseruko bw’igihugu, ku musi wa gatatu, mu gihe ingwano yiyongeye mu karere aho indege itwara abantu y’igihugu ca Malaysia, yari itwaye abantu amajana abiri na mirongo icenda n’umunani, yakorowe mu ndwi iheze.

Nta makuru atomeye yari bwamenyekane, ku musi wa gatatu, ku vyerekeye ikororwa ry’izo ndege, mu gihe abarwanya ubutegetsi bwa Reta ya Ukraine biyitiriye ikororwa ry’izo ndege zibiri z’ingwano za Ukraine.

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw’igihugu ca Ukraine, bwatangaje kw’abadereva b’izo ndege zibiri, abantu bari bibajije ku basimvye, hafi y’urubibe n’igihugu c’Uburusiya, mu gihe ibikorwa vya gisirikare, ku bashaka kwitandukanya n’igihugu ca Ukraine, bashigikiye Uburusiya, vyagize intambwe, mu buseruko bwa Ukraine.

Mu gisagara co hafi yaho ca Donetsk, umuvuguzi w’ishirahamwe rijejwe umutekano n’ugufashanya mu karere k’I Bulaya, yatangaje kw’abariko bagira amatohoza kw’ikororwa ry’indege itwara abantu y’igihugu ca Malaysia, mu ndwi iheze, batoye ibisa n’ibitoboro, mu bisigarira vy’igice c’iyo ndege.

XS
SM
MD
LG