Uko wahagera

Hari Intambwe Zatewe Ku Gahengwe Hagati ya Israel na Hamas

  • VOA Africa

Abana b'abanya Palestina bariko bahabwa imikate n'abakozi b'ishirahamwe O-N-U.

Abana b'abanya Palestina bariko bahabwa imikate n'abakozi b'ishirahamwe O-N-U.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, John Kery, yaravuye mu gihugu ca Israel agana i Cairo, mu Misiri ,mu gihe ariko agerageza gutuma haba amasezerano y’uguhagarika ingwano, hagati ya Israel, n’abarwanyi b’abanya Palestina, mu ntara ya Gaza.

Ntaco, John Kerry, yatangaje inyuma y’umusi w’ibiganiro n’umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Israel, Benjamin Netanyahu, prezida w’ubutegetsi bw’abanya Palestina, Mahmoud Abbas, n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, Ban Ki-moon.

Yamara Kerry yatangaje imbere yahoo ko hari intambwe zashitsweko.

Indwi zibiri z’ibitero vy’indege z’ingwano z’igihugu ca Israel, mu ntara ya Gaza, mu kwishura ku bitero vy’ama roquette vy’umurwi Hamas, vyahitanye abanya Palestina bagera ku majana indwi. Nka bose akaba ari abasivile. Abanya Israeli mirongo itatu na bane barishwe.

Prezida w’igihugu ca Israel, Shimon Peres, yavuze kw’ubwicanyi ari ikintu umuntu atosabirako, yamara yabwiye, John Kerrry, kw’agifise umwizero kw’inyishu izoboneka.

Yamara umuyobozi w’umurwi, Hamas, Khaled Meshal, yavuze kw’ingwano itazohagarara, gushika igihugu ca Israel gihagaritse ingingo imaze igihe, y’ico gihugu ,y’ukuzibira intara ya Gaza, mu vyageramiye ubutunzi bw’iyo ntara, vyongera bituma abanya Palestina badashobora kuja hanze y’intara ya Gaza.

XS
SM
MD
LG