Uko wahagera

Ibiganiro Vyarabandanije, mw'Ijoro ryo ku wa kabiri, ku Gahengwe Hagati ya Israel, n'Umurwi Hamas.

  • VOA Africa

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika,John Kerry,i buryo, n'umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, Ban Ki-Moon

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika,John Kerry,i buryo, n'umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, Ban Ki-Moon

Ibiganiro vyarabandanije mw’ijoro ryo ku musi wa kabiri, mu mugambi w’ukugerageza gutuma ingwano ihagarara, hagati ya Israel n’Abanya Palestina, mu ntara ya Gaza, igenzurwa n’abarwanyi b’umurwi Hamas.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, Ban Ki-moon, n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, John Kerry, bose bari mu karere ka Israel n’abanya Palestina.

Umutegetsi mukuru w’abajejwe ibiganiro b’abanya Palestina, Saeb Erekat, yabwiye televiziyo CNN, kw'ariko yizera ko haba inyishu yihuta.

Yamara umushikiranganji ajejwe ubutungane w’igihugu ca Israel, Tzipi Livni, yatangaje, kuri Radiyo y’igihugu ca Israel, kw’ata mwizero ariko arabona.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamamungu, O-N-U, Ban Ki-moon, yabonanye n’umushikirangaji wa mbere w’igihugu ca Israel, Benjamin Nentanyahu, ku musi wa kabiri, yavuze kw’impande zose zitegerezwa guhagarika ingwano, zikavuga ku mpamvu z’ibibazo biri hagati yazo.

Yavuze kw’abantu batotegerezwa kwirukira ubwicanyi kugira batorere inyishu ivyo bidogera.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe O-N-U, Ban Ki-Moon, yariyamirije ibitero vya roquette vy’umurwi Hamas, ku bisagara vy’igihugu ca Israel, yamara yamenyesheje kw’ibitero vy’indege z’ingwano vy’igihugu ca Israel, bibandanya mu ntara ya Gaza, bitazotuma Israel ishika ku mutekano wayo.

Umushikiranganji ajejwe wimigenderanire wa Amerika, John Kerry, yavuze ku musi wa kabiri, ari i Cairo, ku murwa mukuru w’igihugu ca Misiri, kw’umugambi w’igihugu ca Misiri ushobora kuba ikintu gishobora gukoreshwa, mu gushika ku masezerano y’uguhagarika ingwano. Yagirije umurwi Hamas kw’ukoresha abasivile nk’inkinzo.

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Israel, Benjamin Netanyahu, yatangaje ko Israel ata kundi yari kugira/ kiretse kwikingira ama roquette amajana n’amajana umurwi Hamas warashe, ku butaka bwa Israel.

Yagereranije umurwi Hamas n’iyindi mirwi y’intagondwa.

.

XS
SM
MD
LG