Uko wahagera

Abarwanya Ubutegetsi muri Ukraine Barashikirije Udusandugu Dufata Amajwi


umuryanyi ashigikiye Uburusiya ariko ashira agasandugu gafata amajwi ku meza, mu gisagara ca Donetsk, mu buseruko bwa Ukraine
umuryanyi ashigikiye Uburusiya ariko ashira agasandugu gafata amajwi ku meza, mu gisagara ca Donetsk, mu buseruko bwa Ukraine

Abarwanya ubutegetsi bashigikiye igihugu c’Uburusiya, mu buseruko bw’igihugu ca Ukraine, barashikirije abahinga b’abanya Malaysia, ivyuma bifata amajwi, vyari mu ndege itwara abantu y’igihugu ca Malaysia yakorowe. Ishikirizwa ry’ivyo vyuma ryabaye, mu masaha akuze yo ku musi wa mbere, mu nama yabereye mu gisagara ca Donetsk, mu buseruko bwa Ukraine.

Vyabaye amasaha makeyi inyuma yuko umushikirannganji wa mbere w’igihugu ca Malaysia, Najib Razak, avuganye kw’itelephone, n’umuyobozi w’abarwanya ubutegetsi bwa Ukraine, Alexander Borodai.

Mu gitondo co ku musi wa mbere, abagize urwego rw’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U ,rujejwe kwubahiriza umutekano kw’isi, baremeje ata numwe avuyemwo, ingingo yiyamiriza ikororwa ry’indege itwara abantu y’igihugu ca Malaysia ryahitanye abantu bose uko ari amajana abiri na mirongo icenda n’umunani, bari muri iyo ndege.

Iyo ngingo isaba kandi abashaka kwiyonkora ku gihugu ca Ukraine, bashigikiye Uburusiya, bagenzura ikibanza iyo ndege itwara abantu y’igihugu ca Malaysia yakororewemwo, kurekurira abajejwe itohoza, kuja muri ico kibanza ata ntambamyi.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’igihugu ca Australia, Julie Bishop, yarakiye neza ingingo y’urwego rw’ishirahamwe O-N-U rujejwe kwubahiriza umutekano kw’isi, mu kuvuga kw’ari inyishu, ku gikorwa kigayitse cane. Abanya Australia mirongo itatu n’indwi barapfuye, igihe iyo ndege itwara abantu y’igihugu ca Australia yakoroka.

Abategetsi mu gihugu ca Ukraine, Reta Zunze Ubumwe za Amerika, n’ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya, batangaje ko misile yasambuye iyo ndege, igihe yariko ica mu kirere kiri hejuru y’igice co mu buseruko bw’igihugu ca Ukraine, ku musi wa kane w’indwi iheze.

XS
SM
MD
LG