Uko wahagera

Sudani yo Mu Bumanuko Yarahimbaje Imyaka Itatu y’Ubwigenge


Ingendo z'umunezero wo kwigina intahe yo kwikukira mu kibanza citwa Independence Square, ku murwa mukuru Juba, kw'igenekerezo ry'icenda ry'ukwezi w'indwi, mu mwaka w' 2014
Ingendo z'umunezero wo kwigina intahe yo kwikukira mu kibanza citwa Independence Square, ku murwa mukuru Juba, kw'igenekerezo ry'icenda ry'ukwezi w'indwi, mu mwaka w' 2014

Igihugu ca Sudani yo mu bumanuko, ejo ku musi wa gatatu carahimbaje imyaka itatu kimaze kironse intahe yo kwikukira.

Mur’iki gihe kandi hariko haraterwa akamo gasaba impande zose kwubahiriza amasezerano y’agahengwe hamwe no gusubira mu biganiro vy’amahoro.

Mu birori vyabereye ku murwa mukuru Juba, president Salva Kiir yarateye akamo abagwanya ubutegetsi kabasba gushira ibigwanisho hasi hamwe no gutahuka mu ruhongore. Yarateye akamo kandi gasaba umunyapolitike bagwanira ubutegetsi yahoze ar’icegera ciwe Riek Machar, kamusaba gutora inyishu y’ibibazo biri hagati yabo, biciye mu biganiro.

Yamara president yavuze kw’atazosaba abasirikare b’igihugu c’Ubuganda kuva mu gihugu, ngo gushika igihe azobona kw’abanyagihugu hamwe n’inzego z’igihugu bitekaniwe.

Machar yamye kuva kera asaba kw’abasirikare b’igihugu c’Ubuganda bashigikiye reta ya president Kiir, bava mu gihugu ca Sudani yo mu bumanuko.

Ibiro vy’abafaransa bijejwe gutangaza amakuru vyatangaje inkuru bivuga ko yatanzwe na Machar, ivuga ko yiteguriye kugira ibiganiro, yamara akaba yavuze kw’intwaro ya Kiir ata kindi kindi yazaniye igihugu, at’arugutwaza igitugu, akajagari hamwe n’indyane zifatiye ku moko.

XS
SM
MD
LG