Uko wahagera

President Wa Misiri, Ku Rubanza Rw’Abamenyeshamakuru ba AL Jazeera


President w'igihugu ca Misiri Abdel-Fattah el-Sissi ariko aratanga ikiganiro kuri televison mu gisagara ca Cairo, kw'igenekerezo ry'indwi ry'ukwezi kw'indwi, 2014.
President w'igihugu ca Misiri Abdel-Fattah el-Sissi ariko aratanga ikiganiro kuri televison mu gisagara ca Cairo, kw'igenekerezo ry'indwi ry'ukwezi kw'indwi, 2014.

President Wa Misiri, Avuga President w’igihugu ca Misiri Abdel Fattah el-Sissi avuga ko yari gushima, iyo abamenyeshamakuru batatu b’ibiro bijejwe gutangaza amakuru Al-Jazeera bagirijwe ko bashigikiye umurwi wagizwe umuziro mu gihugu ca Misiri, Muslim Brotherhood, bari kurungikwa mu bihugu vyabo, aho gucirwa urubanza.

Ikinyamakuru co mu gihugu ca Misiri, caratangaje amakuru avuga ko president Sissi, ejo ku musi wa mbere yabwiye umurwi w’abamenyeshamakuru bo mu gihugu ca Misiri, kw’urwo rubanza rwaciwe kw’igenekerezo rya 23 ry’ukwezi kwa gatandatu, rwagize ingaruka mbi.

Sentare yo mu ku murwa mukuru Cairo, yaraciriye urubanza umunya Australia Peter Greste, umunyaMisiri w’umunyaCanada Mohamed Fahmy hamwe n’umunyaMisiri Baher Mohamed umunyororo w’imyaka indwi: Iyo ngingo ya sentare yaranebaguwe n’ibihugu vyinshi hamwe n’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu.

Mwenewabo na Greste, Andrew, ejo ku musi wa mbere, yavuze kw’amajambo yatangajwe na president yamushitse ku mutima, yamara ngo ntazi kw’ ayo majambo azotuma haboneka inyishu. Yavuze kw’ukuntu igihugu ca Misiri cabonetse mu makungu hamwe n’ukuntu abo bamenyeshamakuru berekanywe bariko barasamba muri sentare bugaranywe nk’inyamaswa, atariyo masana igihugu ca Misiri, cari gikwiye kwipfuza ko yerekanwa mu makungu.

XS
SM
MD
LG