Uko wahagera

Abagwanyi Barakoroye Indege ya Ukraine Itwara Abasirikare


Secreteri wa Departement ya Amerika, John Kerry ariko avuga ku ruhagarara ruri mu gihugu ca Ukraine
Secreteri wa Departement ya Amerika, John Kerry ariko avuga ku ruhagarara ruri mu gihugu ca Ukraine

Abategetsi bo mu gihugu ca Ukraine batangaje kw’abagwanyi bashigikiye igihugu c’Uburusiya bashaka kwiyonkora, bakoroye indege ya gisirikare itwara abasirikare, maze bakica abantu bose bari muriyo.

Ibiro vy’umushikirizamanza w’igihugu ca Ukraine, vyatangaje kw’abasirikare bose 40 bari mur’iyo ndege; abadereva hamwe n’abakozi bo mur’iyo ndege 9, bahasize ubuzima ejo ku musi wa mungu mu gitondo, igihe abagwanya ubutegetsi barasa iyo ndege ya gisirikare y’igihugu ca Ukraine.

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwavuze kw’iyo ndege yo mu bwoko Ilyushin-76 yariko iritegura kwururuka ku kibanza c’indege co mu gisagara ca Luhansk, igihe abagwanya ubutegetsi bashaka kwiyonkora, bayikorora, bakoresheje ibikoho bikomeye. Amasanamu ya video icungera ico kibanza, arerekana ingene iyo ndege yarashwe, igaca isambuka.

Ibiro vy’umushikirizamanza w’igihugu, bivuga kw’itohozwa ry’ico gitero c’iterabwoba, ryatanguye.

President mushasha w’igihugu ca Ukraine, Petro Poroshenko, yarasohoye itangazo, rigabisha kw’abantu bose bakoze ubwo bwicanyi, bazoronka igihano gikwiye.

Ejo ku musi wa gatandatu kandi, secreteri wa department ya reta ya amerika
John Kerry yaribukije mugenzi we w’igihugu c’Uburusiya, Sergei Lavrov kw’igihugu c’Uburusiya gitegerezwa guhagarika kurungika ibigwanisho hamwe n’ibimodoka vya blinde muu gihugu ca Ukraine.
XS
SM
MD
LG