Uko wahagera

Amerika Iriko Irihweza Ingingo Yofata Ku Bijanye N’Ingwano Muri Irak


Impunzi z'abanyaIraki ziriko zirahunga igisagara ca Mosul, zigana intara y'abaKurde yigenga, iri ku birometero 217 vy'umurwa mukuru Bagdad
Impunzi z'abanyaIraki ziriko zirahunga igisagara ca Mosul, zigana intara y'abaKurde yigenga, iri ku birometero 217 vy'umurwa mukuru Bagdad

President Barack Obama avuga kw’abahanuzi biwe mu vyerekeye umutekano bariko barihweza ibintu bitandukanye kugira ngo reta yiwe ifashe reta ya Iraki, mur’iki Iraki iriko iraterwa n’abagwanyi b’abaislamiste bameze nka wa murwi ukora ibitero vy’iterabwoba, Al-Qaida.

Mw’ijambo yashikirije ejo ku musi wa gatanu ari muri presidence ya amerika, president Obama yavuze ko mu misi iri imbere, intumbero reta ya Amerika izofata, izoba imaze kumenyekana. Yamara yavuze kw’ata basirikare ba reta ya amerika bazoja kugwana ku butaka bw’igihugu ca Iraki.

President Obama yavuze kw’abagwanyi bafashe ibice vy’igihugu ca Iraki, babangamiye reta ya Iraki hamwe n’abanyagihugu bose bo mur’ico gihugu, kandi bashobora no kugeramira inyungu za reta zunze ubumwe za amerika.

Yavuze kw’indyane ziri hagati y’abategetsi bo mu gihugu ca Iraki, arizo zatumye iyo ntambara yaduka.
XS
SM
MD
LG