Uko wahagera

President Wa Ulkraine Poroshenko Avuga Ko Crimea Ar’Intara Ya Ukraine


Vice president Joe Biden ari kumwa n'umutambukanyi wiwe Jill Biden, bashitse ku kibanza c'indege co ku murwa mukuru Kiev, bagiye mu birori vyo kurahira vya president mushasha w'igihugu ca Ukraine, Petro Poroshenko
Vice president Joe Biden ari kumwa n'umutambukanyi wiwe Jill Biden, bashitse ku kibanza c'indege co ku murwa mukuru Kiev, bagiye mu birori vyo kurahira vya president mushasha w'igihugu ca Ukraine, Petro Poroshenko

President w’igihugu ca Ukraine Petro Poroshenko yavuze ati: Intara ya Cremea yamye ari intara ya Ukraine : irabandanya kuba intara ya Ukraine kandi izokwama ar’intara ya Ukraine.

Uyo mutegetsi w’umutunzi afise amabilioni n’amabiliyoni y’amadolari, ejo ku musi wa gatandatu, niho yarahira mu mabanga yo kurongora igihugu, mu birori vyabereye ku murwa mukuru Kiev, ari imbere y’inama nshingamateka, abategesi bavuye mu mihigo yo kw’isi hamwe n’abakuru baserukira ibihugu vyabo, barimwo, vice president wa reta zunze ubumwe za amerika, Joe Biden.

Umushingantahe Poroshenko abaye president agira gatanu w’igihugu ca Ukraine kuva aho ishirahamwe ry’ibihugu vyari bigize Uburusiya risambukiye, yarashikirije ijambo igihe c’ibirori vyo kurahira, araheza avuga kw’atazokwemera kw’igihugu c’Uburusiya cigarurira intara ya Cremea.

Reta y’Uburusiya, yararungitse abasirikare mu kiyaga Black Sea mu ntango z’uyu mwaka, hanyuma baraheza bafata iyo ntara mu kwezi kwa gatatu.

President mushasha w’igihugu ca Ukraine, yaremeye kandi kw’agiye gutangura ibiganiro n’abanyagihugu bo mu nta zo mu buseruko bw’igihugu, aho abanyagihugu bashigikiye igihugu c’Uburusiya bashaka kwiyonkora, batanye mu mitwe n’abasirikare b’igihugu ca Ukraine.

Yaratangaje kw’azogirira ikigongwe abagwanyi bazoshira ibigwanisho hasi, yongera aratangaza kw’azoganira n’abo banyagihugu, mu mugambi wo kurondera uburyo bwo guhagarika ubwicanyi mur’izo ntara.
XS
SM
MD
LG