Uko wahagera

President Obama, President Putin Na President Poroshenko, Barabonanye


President Barack Obama ariko arashikiriza ijambo ku kaburi k'i Normandie hashinguwe abanyamerika, ku nkengera y'ibahari, ku musenyi bita, Omaha, mu gihugu c'Ubufaransa ku musi wa gatanu itariki 6 z'ukwezi kwa gatandatu
President Barack Obama ariko arashikiriza ijambo ku kaburi k'i Normandie hashinguwe abanyamerika, ku nkengera y'ibahari, ku musenyi bita, Omaha, mu gihugu c'Ubufaransa ku musi wa gatanu itariki 6 z'ukwezi kwa gatandatu

Reta zunze ubumwe za amerika, Uburusiya hamwe n’igihugu ca Ukraine, vyaragerageje gufata ingingo ejo ku musi wa gatanu.

Izo nama zari zifise umugambi wo kugabanya umwuka mubi wavuye ku ruhagarara ruri mu gihugu ca Ukraine, mu gutunganya inama zitari nke zabaye, ku ruhande rw’ibirori vyo kwibuka umusi, ibitero vy’urunari rw’abasirikare bo mu bihugu vyo mu burengero, vyatangura mu buraruko bw’igihugu c’Ubufaransa.

President wa Reta zunze ubumwe za amerika, Barack Obama yarabonanye na president w’igihugu c’Uburusiya, Vladimir Putin, mu mugambi wo kwihutisha kurangiza, ivyo, reta y’Uburusiya yita kw’ar’ubwicanyi hamwe n’ibikorwa vya gisiriakre mu buseruko bw’igihugu ca Ukraine.

Abategetsi bo muri reta zunze ubumwe za amerika bavuga kw’umushingantahe Obama yaboneyeho akanya k’iyo nama yabaye mu kanya gatoyi kandi itari yategekanijwe, kugira ngo asubire kwumvisha kw’igihugu c’Uburusiya gishoboye gutanga intererano mu kurondera amahoro mur’iyo ntara, ngo mu gihe cokwemera president mushasha w’igihugu ca Ukraine aherutse gutorwa, Petro Poroshenko.

President Obama yarateye akamo president w’igihugu c’Uburusiya Vladimir Putin, kamusaba guhagarika gufasha abanyagihugu bo muri Ukraine bashigikiye igihugu c’Uburusiya bashaka kwiyonkora mu buseruko bw’igihugu.

Umushingantahe Putin yarabonanye kandi na president mushasha w’igihugu ca Ukraine aherutse gutorwa, Petro Poroshenko, ahava arahira mu mabanga yo kurongora igihugu ca Ukraine uyu musi ku wa gatandatu, ku murwa mukuru Kiev. Abategetsi bo mu gihugu c’Ubufaransa, ejo ku musi wa gatanu ku mugoroba, babwiye abamenyeshamakuru kw’umushingantahe Putin hamwe n’umushingantahe Poroshenko bemeranije kubandanya ibiganiro bifise umugambi wo kuraba ukuntu agahengwe kotangura mu buseruko bw’igihugu ca Ukraine.
XS
SM
MD
LG