Uko wahagera

Umuntu umwe Yarishwe, mu Gitero Cabaye, kw'Ishule Kaminuza ya Seattle Pacific, Muri Amerika


Abapolisi bariko banyarukire kuri kaminuza ya Seattle Pacific University, inyuma y'igitero kuri iryo shule, kw'italiki 5 z'ukwezi kwa gatandatu, umwaka w'2014
Abapolisi bariko banyarukire kuri kaminuza ya Seattle Pacific University, inyuma y'igitero kuri iryo shule, kw'italiki 5 z'ukwezi kwa gatandatu, umwaka w'2014
Igipolisi mu ntara ya Washington, mu burengero bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, gitangaza kw’umuntu umwe yishwe, abandi batatu barakomereka, mu kurasa kwabaye kw’ishule kaminuza mu gisagara ca Seattle, mu ntara ya Washington.

Abategetsi b’igipolisi bavuga kw'umwe mu barashwe, yakomeretse ku buryo bishobora guhitana ubuzima bwiwe, mu gihe abandi babiri ubuzima bwabo butageramiwe.

Abategetsi b’igiplisi bavuga umwe mu bikekwa, muri ico gitero, ari mu munyororo.

Igipolisi, mu ntango, cari catangaje ko kiriko kirarondera uwikekwa, muri ico gitero, agira akabiri, yamara mu nyuma yaho, catangaje kw’ata wundi muntu yikekwa bakirondera.

Ico gitero cabaye, ku musi wa kane, mu nyubakwa kuri kaminuza ya Seattle Pacific, ishule y’aba Kristu.

Abapolisi bavuga kw’uwagize ico gitero yinjiye, mu kibanza c’iryo shule kaminuza, atangura kurasa.

Iryo shule kaminuza rya Seattle Pacific rirugaye, ivyigwa bikaba vyabaye birahagarara.
XS
SM
MD
LG