Uko wahagera

Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin, Yaragiranye Inama y'Abategetsi b'Ibihugu vy'i Bulaya

  • VOA Africa

Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin

Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin

Prezida w’igihugu c’Uburusiya, Vladimir Putin, yaragiranye, ku musi wa kane, ibiganiro vy'amaso mu yandi n’abategetsi b’ibihugu vy’i Bulaya, kuva uruhagarara mu gihugu ca Ukraine rutanguye, mu gihe abakuru b’ibihugu vy’I Bulaya bari mu gihugu c’Ubufransa mu birori vy’ukwibuka, uno musi ku wa gatanu ,igihe inteko z’aba Nazi zatangura gutuzwa mu karere k’I Bulaya.

Prezida Putin, yabonanye n’umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Ubwongereza, David Cameron, na prezida w’igihugu c’Ubufransa, Francois Hollande, i Paris ku murwa mukuru w’Ubufransa, amasaha makeyi inyuma yuko prezida wa Amerika, Barack Obama, n’abategetsi bacuditse b’igihugu vy’I Bulaya, babonaniye i Bruxelles, prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, atariho ari, mu bwabaye ubwa mbere, mu kiringo c’imyaka mirongo ibiri.

Abategetsi b’ibihugu indwi biteye imbere, mu vy’ubutunzi, kurusha ibindi bihugu vyo kw’isi, vyo mu murwi G7, bakoresheje iryo koraniro kugira biyamirize Uburusiya, kubera bwashigikiye umugumuko, mu buseruko bw’igihugu ca Ukraine, w’abashigikiye Uburusiya bashaka kwiyonkora kuri Ukraine.

Mu nyuma yaho, prezida wa Amerika, Barack Obama, yasavuye abategetsi b’Uburusiya kuganira amaso mu yandi, n’abategetsi ba Reta nshasha iherutse gutorwa y’igihugu ca Ukraine, akaba yasavye prezida Putin, guhagarika ukwinjira mu gihugu ca Ukraine, kw’abarwanyi b’Abarusiya.

Prezida Obama, n’abandi bategetsi baragabishije kw’ibindi bihano, mu vy’ubutunzi, bishobora gufatirwa Uburusiya, mu ndwi zimirije, hamwe abategetsi b’igihugu c’Uburusiya batofata ingingo z’uguhagarika gufasha abashaka kwiyonkora ku gihugu ca Ukraine, bashigikiye Uburusiya.
XS
SM
MD
LG