Uko wahagera

Uburusiya Nta Migambi Bufise y'Ukwigarurira Canke Guhungabanya Ukraine


Prezida w’igihugu c’Uburusiya, Vladimi Putin arahakana kw’ata maigambi iyariyo yose afise y’ukwigarurira canke guhungabanya ubumanuko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Ukraine, mu gihe abategetsi b’ibihugu vy’i Bulaya bamusavye gukoresha igihagararo afise ku bashaka kwiyonkora kuri Ukraine bashigikiye Uburusiya kugira afashe guhagarika umugumuko w’abarwanya Reta y’igihugu ca Ukraine.

Mu vyo yatangaje ejo ku musi wa gatatu mu gihugu c’Ubufransa, prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, yatangaje kw’ata basirikare b’Uburusiya canke abahanuzi mu vya gisirikare b’ico gihugu bigeze canke boba bakorera muri iki gihe mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Ukraine.

Yongeye atangaza ko Reta y’igihugu ca Ukraine itegerezwa kuganira n’abanyagihugu bayo, ah’ugukoresha inkoho n’indege .

Ejo ku musi wa gatatu kandi, Chenceliere w’igihugu c’Ubudagi, Angela Merkel, yavuze kw’Uburusiya bushobora gusubira gufatirwa ibindi bihano hamwe ico gihugu kitofasha mu guhagarika ubwicanyi n’uruhagarara mu buseruko bwa Ukraine.

Yabwiye abashingamateka b’igihugu c’Ubudagi, kw’Uburusiya butariko bubuza ibirwanisho n’abarwanyi kwinjira mu buseruko bw’igihugu ca Ukraine, kw’Ubudagi butazotinya gufatira Uburusiya ibindi bihano niyo ivyo vyabandanya.
XS
SM
MD
LG