Uko wahagera

Amerika Iriko Isaba Ubushinwa Kurekura Abayinebagura Bapfunzwe.


Abapolisi b'Ubushinwa Bacungeye ikibanza ca Tiananmen, ku murwa mukuru w'Ubwushinwa, Beijing
Abapolisi b'Ubushinwa Bacungeye ikibanza ca Tiananmen, ku murwa mukuru w'Ubwushinwa, Beijing
Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ziriko zisaba igihugu c’Ubushinwa kurekura abanebagura Reta bapfunzwe, canke bapfunzwe icamaso, mu gihe Ubushinwa bwibuka ku musi ku wa gatatu, imyaka mirongo ibiri n’itanu irangiye habaye ikandamizwa, ku bari mu myiyerekano, mu kibanza ca Tiananmen.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika, Marie Harf, ku musi wa kabiri, yatangaje Kw’Ubushinwa ari igihugu kiriko gitera imbere, ko cotegerezwa kurekurira kurushiriza kuganira, ku vyerekeye politike, cane cane, mu gihe Ubushinwa bwibuka imyaka 25 irangiye habaye ikandamizwa, ku bari mu myiyerekano, mu kibanza ca Tiananmen, kw’italiki zine z’ukwezi kwa gatandatu.

Abaharanira agateka ka muntu, abamenyeshamakuru, n’abanonosoye amategeko, baratawe mu mvuto, canke bapfungwa icamaso, imbere y’ukwibuka iyo myaka 25 irangiye Reta y’Ubushinwa bukandamije bikomeye, abari mu myiyerekano y’uguharanira demokrasi, mu mwaka w’1989.

Ku musi wa Kabiri, Reta y’Ubushinwa yarashigikiye ipfungwa ry’abanebagura Reta, mu kuvuga ko bikwirikije amategeko.
XS
SM
MD
LG