Uko wahagera

Ingwano Ikomeye Irabandanya, mu Buseruko bwa Ukraine


Umwe mu barwanyi bashigikiye Uburusiya ariko ararasa mu gutana mu mitwre ku nkengera z'igisagara ca Lubansk, mu buseruko bwa Ukraine
Umwe mu barwanyi bashigikiye Uburusiya ariko ararasa mu gutana mu mitwre ku nkengera z'igisagara ca Lubansk, mu buseruko bwa Ukraine
Ugutana mu mitwe hagati y’inteko za Reta y’igihugu ca Ukraine, n’abashaka kwiyonkora kuri Ukraine, bashigikiye igihugu c’Uburusiya, mu buseruko bwa Ukraine, kwarabandanije, ku musi wa kabiri.

Prezida w’infatakibanza w’igihugu ca Ukraine, Oleksandr Turchynov, yabwiye inama nshingamateka, ku musi wa kabiri, kw’ikambi y’abarwanyi hanze y’igisagara ca Severodonetsk, mu ntara ya Luhansk, yasambuwe, igitigiri kinini z’abagira iterabwoba baricwa. Yongeye kandi avuga kw’inteko za Reta ya Ukraine zariko zitera zija guhabuza uburaruko bw’intara ya Donetsk. Intara ya Donetsk ihana urubibe n’intara ya Luhansk.

Ku musi wa kabiri kandi, umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati, mu gihugu ca Ukraine, Arsen Avakov, yaragabishije abanyagihugu, mu ntara ya Donetsk, kuguma mu mazu yabo, kubera ingwano ikomeye hagati y’inteko za Reta, n’abashaka kwiyonkora kuri Ukraine, bashigikiye igihugu c’Uburusiya.

Iryo gabishwa ryerekeye cane cane ababa, mu gisagara ca Slovyansk, ikibanza abarwanya ubutegetsi bacumbitsemwo, hamwe n’abanyagihugu baba mu bisagara vya Kramatorsk, na Krasny Liman.

Ugutana mu mitwe kwo ku musi wa kabiri kuje, umusi umwe inyuma yuko abashaka kwiyonkora kuri Ukraine amajana n’amajana, bitwaje ibirwanisho bikomeye, bateye icicaro c’inteko zijejwe gukingira imbibe z’igihugu ca Ukraine, mu gisagara ca Luhansk, hafi y’urubibe n’igihugu c’Uburusiya, mu vyatumye haba ugutana mu mitwe kwamaze umusi wose.
XS
SM
MD
LG