Uko wahagera

Igikorwa c'Ishirahamwe, Human Rights Watch, mu Rwanda


Ikarata y'Urwanda
Ikarata y'Urwanda
Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, Human Rights Watch, riratewe amakenga bikomeye n’uko ubushikiranganji bujejwe ubutungene bw’Urwanda bwavuze ukatariko igikorwa c’iryo shirahamwe, burambika iceyi abakozi baryoi mu vyatangajwe n’ubwo bushikiranganji, vyasohotse mu kinyamakuru, New Times, ku musi wa mbere italiki zibiri z’ukwezi kwa gatandatu.

Ishirahamwe, Human Rights Watch, rimaze ikiringo kirenga imyaka irenga mirongo ibiri rikorera mu Rwanda, kuva imbere y’ihonyabwoko ryo mu mwaka w’1994, aho ryatohoje ityozwa ry’agateka ka muntu, ku Banyarwanda, riharanira uburenganzira bwa bose.

Ishirahamwe, Human Rights Watch, rivuga kw'ata ruhande na rumwe rwa Reta, canke imirwi yitwaje ibirwanisho, rihengamiyeko.

Umuyobozi w’ishirahamwe, Human Rights Watch, mu karere ka Afrika, Daniel Bekele, avuga kw’iryo shirahamwe rikora mu buryo bumwe, mu bihugu vyose rikoreramwo, ngo no mu Rwanda kuka ari nkuko.

Avuga ko biyamiriza ivyagirizo vy’uko boba bafashe uruhande rwa poltike kanaka , akaba avuga ko bashigikiye amakuru bashikiriza, ku vyerekeye Urwanda.

Ishirahamwe, Human Rigahts Watch, rimenyesha ko risangira amakuru, rikongera rikaganira impungene zaryo, n’umushikiranganji ajejwe ubutungene, n’abandi bategetsi ba Reta, mu Rwanda.

Iryo shirahamwe rimenyesha ko rizokwandikira umushikiranganji ajejwe ubutungane, mu mugambi w’ukwishura, ku vyagirizo bitagira ishingiro, vyasohowe mu kinyamakuru, The New Times.

Tubamenyesha ko Reta y’Urwanda, ibicishije ku mushikiranganji ajejwe ubutungane, yagirije ishirahamwe, Human Rights Watch, ko ryahindutse ijwi rivugira imirwi y’iterabwoba, kandi ko rigira igikorwa ca propagande, c’ugutyoza Urwanda, mu rwandiko rwasohotse, ku musi wa mbere, mu kinyamakuru co mu Rwanda, New Times.
XS
SM
MD
LG