Uko wahagera

Itangazo ry'Intumwa Zidasanzwe, mu Karere k'Ibiyaga Binini, Ku Rugendo Rwazo, mu Burundi

  • VOA Africa

Ikarata y'Uburundi

Ikarata y'Uburundi

Intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe O-N-U, mu karere k’ibiyaga binini, Mary Robinson, Intumwa idasanzwe ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, mu karere k’ibiyaga binini, no muri Republika iharanira Democrasi ya Congo, Russ Feingold, n’inttumwa idasanzwe y’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika, n’akarere k’ibiyaga binini, Boubacar Diarra, hamwe n’umutegetsi mukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya, akwirikirana ibibazo vyo mu karere k’ibiyaga binini, Koen Vervaeke, bari mw’ikoraniro rigenewe guha inguvu abakiri bato, mu karere k’ibiyaga binini, n’ukubona kw’amajwi yabo yumvirijwe, mu mugambi werekeye amahoro, umutekano n’ugufashanya.

Abo bategetsi barahayagije uruhara rw’imikangara 52, iva mu bihugu indwi vyagize uruhara muri iryo koraniro, bakaba babasavye gukorera amahoro, mu bihugu vyabo.

Izo ntumwa zidasanzwe, mu karere k’ibiyaga binini, zarashimishijwe n’ukuba zarabonanye na prezida w’Uburundi, Pierre Nkurunziza, aho bavuganye ku kugene ibintu vyifashe, mu Burundi.

Izo ntumwa zarabonanye kandi n’abaserukira Reta, abayobozi b’umugambwe uri ku butegetsi, n’abayoboye imigambwe itavuga rumwe na Reta, n’abaserukira amashirahamwe adaharanira inyungu za politike, aho baganiye ku kugene ibintu vyifashe, mu vya politike, mu Burundi.

Izo ntumwa zirafise amakenga akomeye, ku nzitizi zihari, ku bijanye na politike, n’imibano bigeramira imirimo y’abanyepolitike batavuga rumwe na Reta, amashirahamwe adaharanira inyungu za politike, abajejwe igikorwa c’ugutangaza amakuru, mu gihe c’imbere y’amatora yo mu mwaka w’2015.

Izo ntumwa, mu karere k’ibiyaga binini, zatangaje kw’Uburundi bwagize intambwe ziboneka, mu mugambi w’ukurengera kahise k’intambara, ngo yamara intambwe zashitsweko zishobora gutakara, hamwe hofatwa ingingo z’ukugeramira umugambi w’amatora, n’ukugeramira uruhara rw’impande zose, mu matora.
XS
SM
MD
LG