Uko wahagera

Muri Nigeria, Abagwanyi Barishe Abajejwe Umutekano 45


Abantu bagira imyiyerekano mu gisagara ca Chibok
Abantu bagira imyiyerekano mu gisagara ca Chibok

AbanyaNigeria bajejwe umutekano bashika 45, barishwe mu bitero vyakozwe n’abantu bitwaje ibigwanisho bikekwa ko bari mu muhari Boko Haram mu gisagara ca Buni Yadi.

Abagwanyi amajana n’amajana bari mu makamion hamwe no ku mapikipiki, barateye igisagara ca Yobe kiri mu buraruko bushira ubuseruko ku musi wa mbere ku mugoroba.

Amakuru yatanzwe n’umurwi w’abasirikare bo mu gihugu ca Nigeria bajejwe gutabara, yabwiye service y’ururimi rw’iki Housa y’Ijwi rya amerika, kw’abasirikare 24 hamwe n’abapolisi 21 bishwe mur’ico gitero.

Abantu batanze ayo makuru batashatse kw’amazina yabo atangazwa, bavuga kw’abo bantu bitwaje ibigwanisho bagiye batwaye imodoka ya blinde hamwe n’izindi modoka nyinshi.

Gushika ubu, nta makuru araboneka avuga igitigiri c’abasivile bahasize ubuzima.

Umumenyeshamakuru w’Ijwi rya Amerika muri service y’ikiHaousa ari mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Nigeria, avuga kw’abagwanyi bama bateye imodoka z’abantu baca kw’ibarabara rikuru rigana mu gisagara ca Maiduguri, mu ntara ya Borno.
XS
SM
MD
LG