Uko wahagera

Ikibanza, Abigeme Banyurujwe Muri Nigeria Barimwo, Kirazwi


Abapfasoni bariko bariko baragira imyiyerekeno yo gusaba kw'abana b'abakobwa banyurujwe baronderwa
Abapfasoni bariko bariko baragira imyiyerekeno yo gusaba kw'abana b'abakobwa banyurujwe baronderwa

Umutegetsi akomeye wa gisirikare mu gihugu ca Nigeria yatangaje kw’abasirikare bazi ikibanza kinyegejwemwo abigeme b’abanyeshule barenga 200, bagizwe imbohe n’imirwi y’abagwanyi b’abaislamistes, yamara ngo bizogorana kubabohora, hakoreshejwe inguvu.

Umukuru w’abasirikare bagwanira mu kirere, Marshal Aled Badeh, yabwiye abamenyeshamakuru ejo ku musi wa mbere, kw’igitero ca gisirikare cohava kibamwo impanuka zohitaba ubuzima bw’abo bigeme. Yavuze kw’ingingo nk’iyo yo gushaka kubohora abo bana b’abakobwa idashobora gufatwa ngo kuko ishobora guhitana ubuzima bwabo.

Badeh yavuze kw’inkuru nziza ku bavyeyi b’abo bigeme, ar’uko ikibanza barimwo kizwi, yamara ngo ico kibanza ntigishobora gutangazwa.

Abo bigeme banyurujwe hagati mu kwezi kwa kane, igihe bari mu bibazo kw’ishule ryisumbuye riri mu gisagara ca kure mu buraruko bw’igisagara citwa, Chibok.

Abagwanyi bo mu murwi w’abaislamiste, Boko Haram baratangaje kw’aribo banyuruje abo bigeme, kandi baramaze gutangaza ko bashaka gusubiza abo bigeme, reta nayo ikabasubiza imbohe zo mur’uyo murwi, zipfunzwe.

President w’igihugu ca Nigeria, Jonathan Goodluck hamwe na reta yiwe, aranebagurwa n’abanyaNigeria hamwe n’amakungu, kuko atashoboye kubohora abo bigeme bagizwe imbohe.

Ibihugu bitari bike birimwo reta zunze ubumwe za amerika, biriko birafasha igihugu ca Nigeria mu gikorwa co kugerageza kubohoza abo bigeme.
XS
SM
MD
LG