Uko wahagera

Amerika Yagirije Ubushinwa Gusuma Urusaku, ku Bijanye n'Ubutunzi


Ubushinwa bwagirijwe ko busuma urusaku bukoresheje ubuhinga bwa ordinateri
Ubushinwa bwagirijwe ko busuma urusaku bukoresheje ubuhinga bwa ordinateri
Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zagirije abasirikare batanu b’Abashsinwa, kuba barasumye urusaku ku bijanye n’ubutunzi, ku masosiyete yo muri Amerika yerekeye ubuhinga bwa nucleaire, ya acier, n’amasoko ntanganguvu akoresha izuba.

Ubushinwa bwarihutiye kwiyamiriza ivyo vyagirizo, ivyagirizo vya mbere Reta ya Amerika igize, ku gihugu co hanze, ku vyaha bikoresha ubunga bwa ordinateri, ku masosiyete agira imirimo y’ubudandaji yo muri Amerika.

Umushikiranganji ajejwew ubutungane muri Amerika, Eric Holder, yatangaje kw’ibihugu bitari bike vyo kw’isi, bitororokanya amakuru yerekeye iperereza. Yamara yatangaje ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziriyamiriza gusuma urusaku, mu bijanye n’ubutunzi, vyagizwe n’igisirikare c’Ubushinwa, mu gisagara ca Shanghai, vyahaye amakuru akomeye amasosiyete yo mu gihugu c’Ubushinwa, harimwo amasisiyete ya Reta.

Umushikiranganji ajejwe ubutungane wa Amerika, Eric Holder, yamenyesheje kw'ico gikorwa c’ugusuma urusaku, cagizwe ku masosiyete atanu yo muri Amerika, harimwo amasosiyete azwi cane nka Alcoa, na Westinghouse, ku vyerekeye acier.

Umwimbu mu vy’ubutunzi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ni ncuro zibiri z’umwimbu w’igihugu c’Ubushinwa, n’ukuvuga imiliyardi ibihumbi cumi na bitandatu z’amadolari, ku mwaka, mu gihe Ubushinwa bufise umwimbu w’imiliyaridi ibihumbi umunani, ku mwaka.
XS
SM
MD
LG