Uko wahagera

Umurwi Boko Haram Urageramiye Umutekano mu Karere


Prezida w'Ubufransa, Francois Hollande,ariko aramukanya na prezida wa Nigeria, Goodluck Jonathan, i Paris, kw'italiki 17 z'ukwezi kwa gatanu umwaka w'2014
Prezida w'Ubufransa, Francois Hollande,ariko aramukanya na prezida wa Nigeria, Goodluck Jonathan, i Paris, kw'italiki 17 z'ukwezi kwa gatanu umwaka w'2014
Prezida w’igihugu c’Ubufransa, Francois Hollande, yatangaje kw’umurwi w’abarwanyi, Boko Haram, ugeramiye akarere kose ka Afrika yo mu burengero na Afrika yo hagati, ko hategerezwa gushirwaho umugambi w’ukurwanya uwo murwi.

Ivyo prezida, Hollande, yabitangaje, mu kiganiro yahaye abamenyeshamkuru I Paris, inyuma y’inama yagiranye na prezida w’igihugu ca Nigeria, n’abategetsi b’ibihugu bihana imbibe na Nigeria.

Iyo nama yabaye inyuma yuko umurwi Boko Haram unyuruje abanyeshule b’abigeme barenga amajana atatu, muri Nigeria, mu kwezi guheze.

Abategetsi b’igihugu ca Nigeria, batangaza kw'irengero ry’amajana abiri na mirongo irindwi na batandat,u mur'abo bigeme, irengero ryabo ritazwi, muri iki gihe.

Prezida w’igihugu c’Ubufransa, Francois Hollande, yatangaje kw’umurwi Boko Haram, ukorana n’umurwi al-Qaida. Yabwiye abategetsi b’ibihugu vyo mu karere ko muri Afrika yo mu burengero, na Afrika yo hagatik o hategerezwa gushirwaho umugambi w’ugusangira amakuru, n’ugukorera hamwe.

Prezida w’igihugu ca Nigeria, Goodluck Jonathan, yaremeye ivyerekeye uwo mugambi, mu kuvuga kw’umurwi Boko Haram, utakiri umurwi w’iterabwoba muri Nigeria gusa.

Prezida Goodluck Jonathan, yatangaje ko Reta yiwe yiyemeje, ku vyerekeye gutora abanyeshule b’abigeme, irengero ryabo ritazwi.

Amasaha makeyi imbere yuko abategetsi b’ibihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, na Afrika yo hagati bakoranira, i Paris, abikekwa kw’ari abarwanyi b’umurwi Boko Haram baragize igitero, mu ntara iri ku rubibe y’igihugu ca Cameroun.
XS
SM
MD
LG