Uko wahagera

Abantu 13 Barishwe, mu Gutana mu Mitwe muri Libya

  • VOA Africa

Umunywanyi w'umurwi a'abarwanyi, Ansar al Shariah muri Libya

Umunywanyi w'umurwi a'abarwanyi, Ansar al Shariah muri Libya

Abategetsi b’ibitaro, mu gihugu ca Libya batangaje, ku musi wa gatanu, kw’abantu cumi na batatu, canke barenga bishwe, abandi ijana barakomereka, mu gutana mu mitwe gukomeye kwabereye, mu gice co mu buseruko bw’igihugu ca Libya, hagati y’inteko za Reta n’abarwanyi b’aba Islamu.

Inteko za Reta zishigikiye General, Halifa Hafter, yapasuye mu gisiirikare, zarwanye n’umurwi w’aba Islamu, Ansar al Shariah, n’abandi barwanyi b’aba Islamu, mu gisagara ca Benghazi.

Televiziyo ya Reta y’igihugu ca Libya, yerekanye umwotsi wirabura uduga, hejuru y’igihugu ca Benghazi, inyuma yuko indege z’ingwano za Reta ziteye amakambi y’abarwanyi b’aba Islamu. Amakuru atangaza kw’ivyo bibanza vyari ivy’umurwi Ansar al Sharia, n’iyindi mirwi ibiri y’abarwanyi b’aba Islamu.

Televiziyo Al Arabiya yamenyesheje kw’abasirikare ba Reta, ibihumbi n’ibihumbi, barwanira hasi, mu mazi, no mu kirere, bifatanije na General Hafter, yahoze ari umutegetsi mukuru w’igisirikare ca Reta ya Libya, mu gikorwa ca gisirikare cabaye, ku musi wa gatanu.

Igisagara ca Benghazi, n’ikibanza abarwanyi bacumbitsemwo.
XS
SM
MD
LG