Uko wahagera

O-N-U Iriyamiriza Ityozwa ry'Agateka ka Muntu, mu Buseruko bwa Ukraine

  • VOA Africa

Ukraine kw'ikarata

Ukraine kw'ikarata

Abakozi b’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, bajejwe gukwirikirana ibibera mu gihugu ca Ukraine, batangaje kw’uruhagarara ruriko ruterwa n’imirwi igwanya Reta, mu buseruko bw’gihugu, ruriko rutuma ivyerekeye agateka ka muntu biyanzara bikomeye, mu gihe hari uruhagarara rwa politike, hagati ya Reta y’igihugu ca Ukraine, n’abashaka kwiyonkora kuri Ukraine, bashigikiye igihugu c’Uburusiya.

Umutegetsi mukuru w’ishirahamwe O-N-U, ajejwe ivyerekeye agateka ka muntu, Navi Pillay, yatangaje, ku musi wa gatanu, kw’ivyatohojwe n’ishirahamwe O-N-U, vyavyuye impungenge zikomeye, ku mirwi iri ku rushi, itotezwa mu ntara ya Crimee, intara iri mu bumanuko bw’igihugu ca Ukraine, yigaruriwe n’igihugu c’Uburusiya, mu kwezi kwa gatatu.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’igihugu c’Uburisiya, bwagirije, ku musi wa gatanu, ishirahamwe O-N-U ko rifise ubuhande rihengamiyeko.

Ubwo bushikiranganji bumenyesha kw’ivyatohojwe n’ishirahamwe O-N-U, birimwo ibintu bidasobanutse.
XS
SM
MD
LG