Uko wahagera

Abantu Barishwe mu Bitero vy'amabombe i Nairobi


Ikibanza c'isoko amabombe yaturikiyemwo, i Nairobi, muri Kenya
Ikibanza c'isoko amabombe yaturikiyemwo, i Nairobi, muri Kenya
Amabombe yaraturikiye mu kibanza c’isoko carimwo abantu benshi, ku murwa mukuru w’igihugu ca Kenya, Nairobi, ahitana abantu cumi canke barenga, abandi mirongo irindwi barakomereka.

Igipolisi catangaje kw’amombe abiri yaturikijwe ku musi wa gatanu, mu kibanza c’isoko hafi y’igice kiri hagati mu gisagara ca Nairobi. Bamenyesha kw’imwe muri ayo mabombe yasambuye minibus itwara abantu.

Amasanamu ya Video, y’aho ayo mabombe yaturikiye, yerekanye imidoka zononekaye bikomeye, n’ibiyo vyamenaguritse mu nyubakwa imwe.

Ntabiyitiriye buno nyene ico gitero ca bombe.

Umutegetsi mukuru w’igipolisi ku murwa mukuru wa Kenya, Nairobi, Benson Kibui, yatangaje kw’abantu babiri bafashwe kugira basambishwe.

Mu ntango z’iyi ndwi, Reta Zunze Ubumwe za Amerika, n’Ubwongereza, vyaragabishije abanyagihugu bavyo, ku vyerekeye kuja mu gihugu ca Kenya, mu kuvugako hashobora kuba ibitero, muri ico gihugu.
XS
SM
MD
LG