Uko wahagera

Amerika Yarasubiye Kwiyemeza, ku Vyerekeye Gukingira Ubuyapani


Prezida wa Amerika, Barack Obama
Prezida wa Amerika, Barack Obama
Prezida wa Amerika, Barack Obama, yarasubiye gutangaza ukwiyemeza kwa Amerika, ku vyerekeye gukingira Ubuyapani, harimwo amazing ari mu gice c’ibahari co mu buseruko bw’igihugu c’Ubushinwa, Ubuyapani n’Ubushinwa vyiyitirira.

Inyuma y’inama, ku wa kane, i Tokyo n’umushikiranganji wa mbere w’Ubushinwa, Shinzo Abe, prezida Obama yatangaje, ku buryo butomoye, kw’amazinga ya Senkaku, ari mu masezerano atuma Reata Zunze Ubumwe za Amerika zitegerezwa gutabara Ubuyapani, mu gihe butewe.

Prezida Obama, yatangaje ko Amerika ata ruhande ifata, ku vyerekeye amazing ya Senkaku, azwi kw’wizina rya Diaoyu, mu gihugu c’Ubushinwa. Yamara yaragabishije ku ngingo iyariyo yose ifashwe y’uguhindura uko ibintu bimeze, muri iki gihe, ku vyerekeye ayo mazinga.

Ubuyapani nico gihugu ca mbere ahagazemwo, mu rugendo rwiwe rw’imisi umunani, mu karere ka Asia, urugendo ruzomujana mu bihugu vya South Korea, Malaysia, na Philippines.

Prezida Obama, azorangiriza urugendo rwiwe, mu karere ka Asia, mu gihugu ca Philippines.

Rubaye urugendo rwiwe rugira urwa gatanu agize, mu karere ka Asia, kuva ashitse ku butegetsi, mu mwaka w’2009.
XS
SM
MD
LG