Uko wahagera

Umwotsi Kuri Banki Nkuru y”Uburundi, Waravuzweko Vyinshi


Ifoto y'igisagara ca Bujumbura (2006)
Ifoto y'igisagara ca Bujumbura (2006)

Kw'igenekerezo rya 21 ry'ukwezi kwa kane umwaka w'2014 haratangajwe amakuru avuga kw’ibanki yo mu Burundi yariko irasha.

Ayo makuru yaciye akwiragizwa hose mu maradiyo hamwe no mu bundi buryo butandukanye bwo gutangaza amakuru.

Yamara mu nyuma ivyatohojwe vyerekanye kw’uyo mwotsi war’uvuye ku gikorwa co guturira amanoti ashaje, nk’uko vyama bikorwa hose.

Abantu benshi baribajije igituma iyo nkuru mbi yakwiragijwe mu buryo bwihuta, kandi itaratohozwa neza.

Hari abavuga kw’ukwizena guke kuhari mur’iki gihe, arikwo gushobora kuba kwarabitumye; ariko hakaba n’abavuga ko bishobora kuba vyavuye kw’isha ry’isoko nkuru ya Bujumbura, aho gushika ubu, ata makuru atomoye avuga icatumye iyo soko yaka umucanwa.

Twaraganiye n’umushingantahe Esdras Ndikumana atangariza amakuru iradiyo mpuzamakungu RFI hamwe n’ikinyamakuru mpuzamakungu AFP, araheza aratubwira ico yibaza ku bihuha vyerekeye uyo mwotsi wibonekeje muri Banki nkuru y’igihugu:

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:09 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG