Uko wahagera

Perezida Nkurunziza Muri Somalia na Republika ya Centre Africa.


 President Pierre Nkurunziza
President Pierre Nkurunziza

President Pierre Nkurunziza, ku musi wa kabiri yaragendeye igihugu ca Soamlia hamwe n’igihugu ca Republika ya Centre Africa.


Mu gihugu ca Somali, yarabonanye na mugenziwe president Hassan Sheik Mohamoud. President Pierre Nkurunziza yarabonye kandi n’abasirikare b’Uburundi bajejwe gucungera umutekano mur’ico gihugu.

Mu gihugu ca Republika ya Centre Afrika aho Uburundi bufise abasirikare bacungera umutekano, president PierreNkurunziza yarabonye n’umukuru w’igihugu w’imfatakibanza, Catherine Samba- Panza, yongera arabonana n’asirikare b’abarundi bari mu nteko zicungera umutekano mur’ico gihugu. Yarongeye kandi araha ikiganiro inteko mpuzamakungu zicungera umutekano.

Abo bategetsi b’ivyo bihugu uko ari babiri, president Pierre Nkurunziza yagendeye, barashimagije uruhara rw’abo basirikare b’abarundi, bongera barashimira abarundi bahisemwo gufasha benewabo bo mur’ivyo bihugu.

Twaraganiye n’umuvugizi wa presidence y”Uburundi, Leonidas Hatungimana yari kumwe na president mur’urwo rugendo igihe bari mu gihugu ca Republika ya Centre Afrika, araheza aratubwira ukuntu abategetsi b’ivyo bihugu bashimagiza Uburundi.

Mushobora kwumviriza:
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:30 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG