Uko wahagera

Amasezerao Yaratangajwe, ku Vyerekeye Guhwamika Ibintu muri Ukraine


Secerteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry, left, n'umushikiranganji ajejwe imigenderanire w'Uburusiya, Sergey Lavrov
Secerteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry, left, n'umushikiranganji ajejwe imigenderanire w'Uburusiya, Sergey Lavrov
Abategetsi bakomeye baserukira ibihugu vya Ukraine, Ubursiya, ishirahamwe ry’ibihugu vy’i Bulaya, na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, barumvikanye ku ngingo zigenewe guhwamika umwuka mubi utera wiyongera, mu buseruko bw’igihugu ca Ukraine.

Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry, ari i Geneve, ku musi wa kane, yatangaje kw’izo ngingo zirimwo, kwaka ibirwanisho abarwanyi bashigikiye Uburusiya, bafashe inyubakwa, mu buseruko bw’igihugu ca Ukraine, izo nyubakwa zigasubizwa banyenezo.

Itangazo ryashikirijwe hamwe, ryamenysheje kw’abari mu myiyerekano bazoshikiriza ibirwanisho, bakava mu nyubakwa bafashe, bazogirirwa imbabazi, kiretse abazokwagirwa n’ivyaha bikomeye.

Mw’ijambo yashikirijwe, mu biro vyiwe, Maison Blanche, prezida wa Amerika, Barack Obama, yatangaje ko yizeye kw’Uburusiya buzokwubahiriza amasezerano yumvikanyweko.

Yamara yavuze kw'umuntu aravye ukugene Uburusiya bwigenjeje, muri kahise, ivyo bishobora kutaba. Yamenyesheje ko Reta yiwe iriko igirana ibiganiro n’ibihugu vy’i Bulaya bicuditse, ku bihano bishaha Uburusiya bushobora gufatirwa, hamwe bwokwisubirako ku masezerano yumvikanyweko.
XS
SM
MD
LG