Uko wahagera

Abashigikiye Uburusiya Bitwaje Ibirwanisho, Barafashe Imodoka z'Igisirikare ca Ukraine


Idarapo y'igihugu c'Ubursiya ku kimodoka ca blinde c'igisirikare ca Ukraine hafi y'igisagara ca Slovyansk
Idarapo y'igihugu c'Ubursiya ku kimodoka ca blinde c'igisirikare ca Ukraine hafi y'igisagara ca Slovyansk
Abashaka kwiyonkora ku gihugu ca Ukraine, bashigikiye igihugu c’Uburusiya, bihishije mu maso, barafashe ibimodoka vya blinde vy’igisirikare ce Ukraine, ku musi wa gatatu, mu buseruko bwa Ukraine, mu vyageramiye mu buryo bukengereza, utwigoro tw’igihugu ca Ukraine tw’ugusubira gufata ibisagara biri mu minwe y’abashigikiye Uburusiya.

Abasirikare b’igihugu ca Ukraine, bari mu bimodoka vya blinde, hafi y’igisagara ca Slovyansk, ntibarondeye kwivuna, mu kurekurira abashigikiye Uburusiya gushira amadarapo y’igihugu c’Uburusiya, kuri ivyo bimodoka vya blinde, n’ugutembereza ivyo bimodoka, mu gisagara ca Slovyansk, aho bakiwe n’abantu babakomeye amashi.

Hari amakuru kandi yuko bamwe mu basirikare b’igihugu ca Ukraine bahinduye uruhande bariko, igihe bahangana n’abashigikiye Uburusiya.

Ivyabona batangaje kw’ibindi bimodoka vya blinde, vy’igihugu ca Ukraine, vyariko bitera bigana igisagara ca Slovyansk, vyahagaritswe n’abantu bazibiye ibarabara.

Abamenyeshamakuru b’ibihugu vy’i Bulaya na Amerika, batangaje kw’abasirikare b’igihugu ca Ukrain,e bari muri ivyo bimodoka, barekuriwe gusubira inyuma, inyuma yuko bakuye amasasi mu biwanisho vyabo.

Abashaka kwiyonkora kuri Ukraine, bavuga ururimi rw’ikirusiya, mu bisagara icenda vy’igihugu ca Ukraine, hafi y’urubibe n’igihugu c’Uburusiya, bariko basaba ubwigenge kurushiriza, na referendum, ku vyuko nimba bokwiyonkora kuri Ukraine, bagafatana n’Uburusiya.
XS
SM
MD
LG