Uko wahagera

Abarwanya Ubutegetsi bwa Sudani yo mu Bumanuko, Bavuga ko Basubiye Kwigarurira Igisagara ca Bentiu

  • VOA Africa

Umuyobozi w'abarwanya ubutegetsi bwa Sudani yo mu bumanuko, Riek Machar

Umuyobozi w'abarwanya ubutegetsi bwa Sudani yo mu bumanuko, Riek Machar

Abarwanya ubutegetsi muri Sudani yo mu bumanuko, batangaje ko basubiye kwigarurira Bentiu, umurwa mukuru w’intara yimbura ibitoro ya Unity.

Umuvuguzi wa Riek Machar, yahoze ari icegera ca prezida, muri iki gihe akaba ayoboye abarwanya ubutegetsi, yatangaje kw’abarwanyi biwe basubiye gufata igisagara ca Bentiu, ku musi wa kabiri.

Mu kiganiro yahaye Ijwi rya Amerika, umuvugizi wa Riek Machar, James Gatdet Dak, yatangaje kw’abarwanya Reta ya Sudani yo mu bumanuko bashaka kwugara ibikorwa vyose vy’ukwimbura ibitoro muri Sudani yo mu bumanuko, kubera badashaka ko Reta ikoresha amafranga avuye mu bitoro, kugura ibirwanisho.

Yamenyesheje kw’abarwanya Reta ya Sudani yo mu bumanuako, bahaye amasosiyete acukura ibitoro mu ntara za Unity, na Upper Nile, indwi imwe, kugira babe bugaye imirimo yabo.

Umuvugizi w’igisirikare, Philip Aguer, yaremeje kw’ingwano iriko iraba mu gisagara ca Bentiu, yamara ntiyatangaje kw’ico gisagara cafashwe n’abarwanya ubutegetsi.
XS
SM
MD
LG