Uko wahagera

Nijeriya: Igitero ca Bombe Cahitanye Abarenga 70, ku Murwa mukuru


Prezida wa Nigeria, Goodluck Jonathan ariko agendera ikibanza aho bombe yarutikiye kw'italiki 14 z'ukwezi kwa kane,umwaka w'' 2014.
Prezida wa Nigeria, Goodluck Jonathan ariko agendera ikibanza aho bombe yarutikiye kw'italiki 14 z'ukwezi kwa kane,umwaka w'' 2014.
Igisa n’igitero ca bombe yari yatezwe mu modoka, mu kibanza c’amabus, mu gihugu ca Nigeria, cahitanye abantu mirongo irindwi n’umwe, canke barenga , abandi barenga ijana na mirongo ibiri barakomereka.

Prezida w’igihugu ca Nigeria, Goodluck Jonathan, yaragendeye ico kibanza c’amabus, ku nkengera z’umurwa mukuru wa Nigeria, Abuja, amasaha atari make inyuma yuko bombe ituritse, mu gihe c’uruja n’uruza rukomeye rw’imodok,a mu girondo co ku musi wa mbere.

Prezida Jonathan, yasavye abanya Nigeria kuba magabo, akaba yamenyesheje kw’umurwi w’intagondwa z’aba Islamu, Boko Haram, ariwo uir inyuma y’ico gitero ca bombe, naho atawiyitiriye ico gitero.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’igihugu ca Nigeria, ryasubiyemwo umwe mu barokotse, Prince Igwe, avuga kw’iyo bombe yaturitse yari mu modoka yari ihagaze imbere y’ama bus atari make yari yuzuye abantu.

Igwe, avuga ko yari muri imwe muri ayo ma bus, amenyesha kw’umudereva w’iyo modoka yayihagatitse, mu buryo bwihuta, aca arazimangana gatoyi inyuma yuko iyo bombe ituritse.

Umuvugizi w’igipolisi atangaza kw’imodoka zigera kuri mirongo ine zononekaye, canke zirasambuka, muri ico gitero
XS
SM
MD
LG