Uko wahagera

Uburusiya n'Ibihugu vy'i Bulaya na Amerika Vyarahanganye, kuri Ukraine, mw'Ishirahamwe O-N-U


Abantu bitwaje ibirwanisho bashigikiye Uburusiya bicaye hafi y'icicaro c'igipolisi mu gisagara ca Slovyansk
Abantu bitwaje ibirwanisho bashigikiye Uburusiya bicaye hafi y'icicaro c'igipolisi mu gisagara ca Slovyansk

Uburusiya bwaranebaguwe bikomeye n’ibihugu bikomeye vyo kw’isi, mu nama yihutirwa ,ku musi w’Imana y’urwego rujejwe kwubahiriza umutekano kw’isi, mu gihe habaye ugutana mu mitwe kwihaye inkumbi, hagati y’abashaka kwiyonkora ku gihugu ca Ukraine bashigikiye Uburusiya, n’abashigikiye Reta y’igihugu ca Ukraine, mu buseruko bwa Ukraine.

Ambasaderi wa Amerika mw’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, Samantha Power, na Ambasaderi w’Ubwongereza mw’ishirahamwe O-N-U, Mark Lyall Grant, bagirije Uburusiya gukokeza ubwicanyi n’uruhagarara, mu buseruko bw’igihugu ca Ukraine.

Samantha Power, yavuze kw’umutekano muke muri Ukraine uriko uterwa n’igihugu c’Uburusiya. Grant yasavye urwego rw’ishirahamwe O-N-U rujejwe kwubahiriza umutekano kw’isi kugabisha Uburusiya kwirinda gutuma ibintu bimera nabi kurushiriza, mu buseruko bw’igihugu ca Ukraine.

Uburusiya bwari bwatumyeko iyo nama, bwariyamirije ivyo vyagirizo.

Ambasaderi w’Uburusiya mw’ishirahamwe O-N-U, Vitalily Churkin, yasavye urwego rw’ishirahamwe O-N-U rujejwe kwubahiriza umutekano kw’isi gusaba abategetsi b’igihugu ca Ukraine guhagarika gukoresha inguvu, ku banya Ukraine bo mu buseruko bw’igihugu, bagizwe ahanini n’Abarusiya.

Iyo nama yihutirwa y’ishirahamwe O-N-U, ibaye imbere y’ikiringo ntarengwako, ku barwanyi bashigikiye Uburusiya, mu gihugu ca Ukraine, cuko bashira ibirwanisho vyabo hasi.
XS
SM
MD
LG