Uko wahagera

Afghanistani, Abanyagihugu Barangije Gutora Perezida


President w'igihugu ca Afghanistan, Hamid Karzai, ariko arereka abamenyeshamakuru ikarata yo gutora, imbere y'uko atora kw'igenekerezo rya 5 ry'ukwezi kwa kane
President w'igihugu ca Afghanistan, Hamid Karzai, ariko arereka abamenyeshamakuru ikarata yo gutora, imbere y'uko atora kw'igenekerezo rya 5 ry'ukwezi kwa kane

Mu gihugu ca Afghanistani, ibibanza vyo gutoreramwo biramaze kwugarwa, inyuma y’aho amatora y’umukuru w’igihugu, yitabwe n’abantu isinzi, arangiriye.

Abantu bitavye ayo matora ya mbere yo mu ntwaro ya demokrasi, bari benshi ku buryo ibibanza bimwe bimwe vyo gutoreramwo, vyarangije amakarata yo gutorerako, igihe co kwugara kitaragera.

Umutekano war’ucungerewe cane mu gihugu cose kubera abagwanyi b’abatalebani, bari barahiye bararengwa ko bazodurumbanya ayo matora, yamara ayo matora yabaye mu mutekano ntangere.

Intumwa idasanzwe y’ishirahamwe mpuzamakungu mu gihugu ca Afghanistani, Jan Kubis, yarashimye ukuntu amatora yagenze hamwe n’ukuntu yitabwe.

President wa reta zunze ubumwe za amerika, Barack Obama yasohoye itangazo ryo gukeza abanyaAfghanistani imiliyoni n’imiliyoni bitavye ayo matora kirangiranwa.
Yakeje kandi abasirikare b’abanyamerika bitanze bativuye inyuma kugira ngo ayo matora agende neza.

Umushingantahe Obama yavuze kw’ayo matora yar’ahambaye cane kugira ngo demokrasi itsimbatare cane mu gihugu ca Afghanistani, kandi kugira ngo n’amakungu abandanye ashigikira igihugu ca Afghanistani.
XS
SM
MD
LG