Uko wahagera

Mali: Gutohoza Icaduka ca Ebola Byaratanguye.

Mur'iyi foto y'abanga ataho bimiriwe, Medecins Sans Frontieres, abajejwe amagra y'abantu, bariko baratgura gushira mu kiabnza ca bonyene hamwe no kuvura abantu bikekwa ko bagwaye ingwara ya Ebola, mu gisagara ca Gueckedou, mu gihugu ca Guinea, kw'itariki 28 y'ukwezi kwa gatatu.

Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu mu gihugu ca Mali, Ousmane Kone yatangaje kw’iyo ngwara yadutse ejo ku musi wa gatanu.

Abajejwe amagara y’abantu barungitse ibipomo vy’abo bantu mu gisagara ca Atlanta, muri reta zunze ubumwe za amerika kugira ngo bapime , barabe kw’iyo, ar’ingwara ya Ebola koko.

Mu kurindira ibizova mur’ico gipimo kizokorerwa muri laboratoire yo mu gisagara ca Atlanta, abo bantu batatu bikekwa ko bagwaye ingwara ya Ebola, babaye barakumirirwa mu kibanza ca bonyene, aho bariko baravurwa.

Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu bijejwe amagara y’abantu, vyatangaje kw’abantu bashika 86, bamaze kwicwa n’ingwara ya Ebola mu ntara ya Afrika yo mu burengero, cane cane mu gihugu ca Guinee, hamwe no mu gihugu ca Liberia aho iyo ngwara imaze kwica abantu indwi

Ivyo biro vyatangaje kandi ko biriko biratohoza amakuru avuga kw’abantu 154 bashobora kuba bagwaye iyo ngwara ya Ebola, cane cane mu gihugu ca Guinee.
XS
SM
MD
LG