Uko wahagera

USA: Miliyoni 7 Bariyandikishije, ku Mugambi w'Ukwivuza wa Prezida Obama


Prezida wa Amerika, Barack Obama
Prezida wa Amerika, Barack Obama
Prezida wa Amerika, Barack Obama, yatangaje kw’Abanyamerika imiliyoni indwi n’ibihumbi ijana biyandijkishije, ku mugambi werekeye kwivuza hisunzwe itegeko ryorohereza kwivuza, ryitwa, Affordable Care Act, rizwi cane kw’izina rya, Obamacare.

Imbere y’inyubakwa y’ibiro vyiwe, Maison Blanche, prezida Obama yarahimbaje, ku musi wa kabiri, ico gitigiri kirengeye icari citezwe.

Ku musi wa mbere, umusi wa nyuma ku Banyamerika w’ukwiyandikisha, ku vyerekeye uwo mugambi w’ukwivuza ku Banyamerika, abantu barenga imiliyoni ine n’ibihumbi amajana umunani bariyandikishije, ku kibanza ca internet ca Reta, HealthCare.gov, mu gihe abandi imiliyoni zibiri bahamagaye kw’itelefone, mu kibanza cari cabitegekanirijwe.

Ivyatangajwe na prezida Obama, n’intsinzi ya Reta yiwe yari yagize ibibazo, mu gutanguza uwo mugambi.

Ikibanza ca internet cari kigenewe kwiyandikisha, caragize ibibazo.
XS
SM
MD
LG